Ireresi izokwerekanwa mu gihe co guhimbaza yubile y'imyaka mirongo itanu yo kwikukira kuwa 01 Mukakaro 2012 mu nyubakwa y'uwuserukira Uburundi i Moscou, akazoba yifatanije n'abandi barundi baba mu Burusiya.

Kuwa mbere Mukakaro umwaka w’2012, imyaka 50 izoba irumanye neza Uburundi bugabanye intahe y’ukwikukira. Umwe mubaharaniye iyo ntahe yo kwiganzura ba kavamahanga, ni umuganwa Ludoviko Rwagasore.

 

Mu ntumbero yo kwibuka uwo musi udasanzwe, Ishirahamwe La Benevolencija ryarabatunganirije ireresi ibabwira ivyaranze ubuzima bw’iyo ncungu y’ukwikukira kw’Uburundi. Ibivurwamwo vyose bifatiye kuvyashikirijwe n’abagendanye canke biboneye Umuganwa Ludoviko Rwagasore, hamwe n’ivyatororokanijwe n’abashakashatsi mu vya Kahise.

 

Muzoshobora rero kwirabira iyo reresi kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha zitatu z’ijoro, kuri Television y’igihugu, Television Renesaissance, Television Héritage, hamwe na Television Salama. 

 

Rwagasore: vie, COMBAT, ESPOIR a 2012 La Benevolencija Bujumbura production directed by Justine Bitagoye & Pascal Capitola