Umugwi w’abahinga mu gutohoza kahiseMw’itunganywa ry’iyi sinema, harashizweho umugwi w’abahinga banonosoye ibijanye na kahise. Abo nabo barafashije mu gushira ku rutonde inkuru ivugwa mw’isinema no kuraba ko ibivugwa bihuye koko n’ivyabaye. Uwo mugwi ugizwe na:
Christine Deslaurier Christine Deslaurier, (France): Ni umuhinga yanonosoye kahise kandi akaba n’umwigisha wa kaminuza mu gihugu c’Ubufaransa (EHESS-IRD, Paris). Yarakurikaranye cane ibijanye n’ihindagurika ry’ivy’intwaro n’imibano mu Burundi igihe bwariko bwitegurira kwakira intahe yo kwikukira (1960-1961).
Alexandre Hatungimana Alexandre Hatungimana,Yahoze arongoye kaminuza y’Uburundi. Arongoye igisata c’indimi. Ni umwigisha wa kaminuza akaba n’umuhinga yatohoje kahise na cane cane kuvyerekeye ubutunzi n’imibano. Arongoye kandi igisata gitegura abanyamakuru barondera inkaratasi zo mu rwego rwa Master muri Chaire Unesco.
Sylvestre Ntibantunganya, Yahoze arongoye Uburundi (1994-1996). Ubu ni umukenguzamateka mu Burundi. Yarabaye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu mu 1993. Ni umuhinga mu bijanye n’indondabihugu kandi yarakoze n’ivyo kumenyesha amakuru. Aramaze kwandika ibitari bike kuri kahise k’Uburundi, harimwo n’igitabo citwa „Democratie pour tous les Burundais“. Ni umuntu aharanira demokrasi
n’agateka ka zina muntu.


Jean Marie Nduwayo, Ni umwigisha wa kahise muri kaminuza y’Uburundi. Arongoye igisata cigisha ivyerekeye kahise. Yanonosoye kahise ku bijanye n’amamuko y’indyane zaranze Urwanda n’Uburundi mu gihe ca cami no mu gihe c’ubukoroni.
Rwagasore: vie, COMBAT, ESPOIR a 2012 La Benevolencija Bujumbura production directed by Justine Bitagoye & Pascal Capitola